Uko wahagera

Trump Yemeje ko Imisozi ya Golan Yegukiye Isirayeli


Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika n'umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu, muri Amerika

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu, yaraciriye hagati urugendo yarimwo i Washington muri Reta zunze ubumwe za Amerika inyuma y’aho igisasu ca roketi giterewe mu gihugu ciwe kivuye muri Gaza. Netanyahu ejo kuwa mbere yatahukanye impano yahawe na perezida Donald Trump ishobora kuzomufasha mu matora.

Perezida yarateye umukono ku rwandiko rwemeza ko imisozi ya Golan yegukiye Isirayeli.

Netanyahu yashikirije ko ico cemezo Trump yafashe gihinduye intinzi ya gisirikare ku ntsinzi ya kidipolomasiya.

Siriya yagiriza icemezo ca Trump ku misozi ya Golan ko ari igitero ku bwigenge bwabo.
Isirayeli yafashe ako karere ko mu buraruko bushira ubuseruko ikatse Siriya mu ntambara yamaze imisi itandatu mu mwaka w’1967 komekwa kuri Isirayeli mu 1981.

Icemezo cafashwe na Trump gikuyeho politike y’igihe kirekire ya Reta zunze ubumwe za Amerika n’amakungu, yemeza ko imisozi ya Golan yanyazwe na Isirayeli.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG