Uko wahagera

Benjamin Netanyahu wa Isirayeli mu Rugendo i Washington


Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu
Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu yarashitse i Washington kurondera inguvu zomufasha gutsinda amatora, aho yiteze ko perezida Donald Trump yemeza ko imisozi ya Golan yama yateye amatati yegukiye Isirayeli.

Netanyahu, akurikiranwa n’ubutungane ku vyaha vyo kurya ruswa, ategekanya kubonana na Trump kur’uyu wa mbere, yongere asangire nawe ku musi wa kabiri.

Trump yashikirije ku musi wa kabiri ko ashobora kwemeza ko imisozi ya Golan yegukiye Isirayeli, imisozi iri mu buraruko bushira ubuseruko ku rubibe na Siriya, yafashwe na Isirayeli iyambuye Siriya mu ntambara y’imisi itandatu yabaye mu mwaka w’1967 yongera yomekwa kuri Isirayeli mu 1981.

Mu gihe Trump yovyemeza yoba ateye kubiri na politike y’igihe kirekire ya Reta zunze ubumwe za Amerika n’amakungu, yemeza ko imisozi ya Golan yanyazwe na Isirayeli.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG