Uko wahagera

Perezida Trump Yemeza ko Umuhari ISIS Usa n'Uwahanaguwe


Perezida Donald Trump ashikiriza ijambo i Lima, Ohio, Italiki 20/03/2019.
Perezida Donald Trump ashikiriza ijambo i Lima, Ohio, Italiki 20/03/2019.

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump yatangaje ejo kuwa gatatu ko hasigaye ikiringo giharurwa mu masaha kugira umuhari w’iterabwoba wa reta uzobe wahanaguwe kw’ikarata y’isi. Yabivuze yerekana ikarata y’igabanuka ry’abakora iterabwoba muri Iraki na Siriya.

Trump yashikirije ko abasirikare ba Amerika bishe abarwanyi benshi mu kwezi guheze.

Yabivuze mu gihe ejo kuwa gatatu ugutana mu mitwe kwari kukibandanya mu gisagara ca Baghouz, aho umuhari wa reta ya kiyisilamu wari wugarijwe ku mpande zose hakoreshejwe ibikoho bikomakomeye biraswa n’urunani rw’aba kurde, abanyesiriya hamwe n’abandi barongowe na Reta zunze ubumwe za Amerika.

Trump yemeza kandi ko abasirikare ba Amerika mu kwezi guheze bishe abakoze igitero c’iterabwoba muri Siriya cahitanye abasirikare bane ba Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG