Uko wahagera

Papa Yanse ko Cardinal Barbarin mu Bufaransa Atanga Imihoho


Cardinal Philippe Barbarin mu Bufaransa.
Cardinal Philippe Barbarin mu Bufaransa.

Papa Fransisiko ejo kuwa kabiri yaranse kwemera ugutanga imihoho kwa Cardinal w’Umufaransa, Philippe Barbarin yagirijwe kuba atashoboye kubwira igiporisi ivyaha vy’ubushurashuzi bwakorewe muri diyoseze arongoye.

Cardinal Barbarin yavuze ejo kuwa kabiri ko yarungikiye Papa urwete rwo gutanga imihoho ku musi wa mbere ariko Papa avuga ko atakimwagira mu gihe ataracirirwa urubanza yongera yanka kwakira urwo rwete.

Barbarin w’imyaka 68, Arkibishop mu gisagara ca Lyon yaciriwe gufungwa amezi atandatu mu ntango z’uku kwezi kubwo kutabwira igiporisi umupadiri yasambanye. Uwo mupadiri, Benard Preynat, yagirizwa kuba yasambanije abahungu b’aba scout mu myaka y’1980 n’1990.

Barbarin ategekanya kwunguruza urubanza, ivyashimwe n’abahohoteye bavuze ko ari intango y’aho Ekleziya Katolika mu Bufaransa igiye kwishura ku vyaha biyivugwamwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG