Uko wahagera

Turukiya na Nouvelle Zelande Ntibahuza ku Bwicanyi Kubayisilamu


Perezida wa Turukiya, Recep Tayipp Erdogan mi myiyamamazo
Perezida wa Turukiya, Recep Tayipp Erdogan mi myiyamamazo

Perezida wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan ejo kuwa kabiri yasavye igihugu ca Nouvelle Zelande gushiraho igihano co gupfa kandi ibishire mu ngiro ku mugabo yishe abantu 50 mu musigiti wo mu gisagara Christchurch. Ivyo Erdogan abivuze mu gihe reta ya Nouvelle Zelande yo ishira imbere gukoresha imvugo itavangura.

Erdogan ariko akoresha ubwo bwicanyi bwabereye mu musigiti mu myiyamamazo arimwo y’amatora yimirije mu gihugu. Amasanamu ya Videwo yerekana ingene uwo umugabo yakoze ico gitero niyo yerekanwa mu myiyamamazo yiwe.

Reta ya Nouvelle Zelande yasavye Ankara guhagarika kwerekana iyo videwo, no kugabanya ayo majambo kuko bishobora kubiba inzankano kandi vyotuma haba ibitero ku banyagihugu b’ico gihugu.

Umushikiranganji wa Nouvelle Zelande ajejwe imigenderanire, Winston Peters yashikirije ejo kuwa kabiri ko agiye kugira urugendo muri Turukiya kugira babiganireko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG