Uko wahagera

Reta ya Afuganistani Iremeza ko Abatalibani Bafashe Abasirikare 58


Abasirikare ba Afuganistani mu birori mw'ikambi ya gisirikare muri distrikte ya Guzara mu ntara ya Herat. Italiki 28/02/2019.

Abategetsi muri Afuganistani baremeye ejo kuwa mbere ko Abatalibani bafashe abasirikare 58 ba reta mu mirwano iheruka mu buraruko bushira ubuseruko bw’ico gihugu.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi yavuze ko batanguje ibikorwa vya gisirikare vyo kubabohoza.

Abatalibani baragumije distrikte ya Afuganistani mu ntara ya Badghis mu mirwano yamaze indwi zibiri, yahitanye abasirikare batari bake ba reta abandi barenga 200 barafatwa.

Mu gihe ibice bitari bike vyaguye mu minwe y’abarwanyi, abategetsi ba Afuganistani bashimangira bavuga ko abasirikare ba reta bagifise mu minwe distrikte ya Bala Murghab iri hagati mu gihugu.

Izo ntambara ziba mu gihe izo mpanze zibiri zashikirije inyuma y’ibiganiro biheruka kubahuza ko hatewe intambwe zishimishije zigamije kurangiza intambara muri Afuganistani.

Ivyo biganiro bitumbereye gukura abasirikare mpuzamakungu barongowe na Reta zunze ubumwe za Amerika muri Afuganistani, Abatalibani nabo bakemera ko ico gihugu kitaba ikirimbiro ry’abakora iterabwoba mpuzamakungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG