Uko wahagera

Umugambwe UDPS Urashira Imbere Ubutungane muri Kongo


Félix Tshisekedi atera igikumu ku masezerano yarongowe na Ekleziya katolika i Kinshasa, italiki 31/12/2016.
Félix Tshisekedi atera igikumu ku masezerano yarongowe na Ekleziya katolika i Kinshasa, italiki 31/12/2016.

Hari ingingo zafashwe kuwa gatanu zo kwiyamiriza inyifato izwi mu banywanyi b’umugambwe UPDS.

Arthur Ikunga, umushikirizamanza mukuru muri sentare yungururizwamwo imanza ya Matadi, yatangaje ko abakenguzamateka batatu bo mu ntara bagaragarayeko ivyaha vya ruswa n’ukurunyuruza umutungo w’igihugu, bahamagajwe n’ubutungane ku musi wa gatandatu.

Urutonde rw’abo bantu rushobora kwiyongera muri iki gihe itohoza ribandanya. Iryo tohoza ririko rikorwa n’abacamanza bakomeye batumweko na parake nkuru ikorana na sentare gasamburamanza.

Abategetsi b’umugambwe UPDS, bavuga ko abo bakenguzamateka badomweko urutoke n’abanywanyi b’umugambwe batobato, kandi batangaje ko bazokurikiranwa n’ubutungane. Ivyo bitangazwa n'umukuru w’imfatakibanza w’umugambwe UPDS Jean- Marc Kabund.

Yongeye avuga ko abo baskenguzamateka baciye bakurwa mu mabanga yabo kandi basubiriwe n’ivyegera vyabo.

Prezida Tshisekedi yaremereye abanyagihugu ko ku kurwanya ruswa n’ibiturire, biri mu bintu azoshira imbere ku ntwaro yiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG