Uko wahagera

Ninde Yagirizwa Guca Umuyagankuba muri Venezuela?


Abanyagihugu bavoma amazi ku kamyo igihe umuyagankuba wacika. Caracas, Venezuela, italiki 12/03/2019.
Abanyagihugu bavoma amazi ku kamyo igihe umuyagankuba wacika. Caracas, Venezuela, italiki 12/03/2019.

Abakozi ba reta muri Venezuela bahamagawe gusubira ku mirimo yabo kuri uyu wa kane inyuma, y’aho reta isubije mu buryo umuyagankuba wari umaze hafi indwi waracitse, ivyatumye abanyagihugu bata ishavu kuri perezida Nicolas Maduro.

Umushikiranganji wo kumenyeshamakuru, Jorge Rodriguez yashikirije kuri televiziyo y’igihugu ejo kuwa gatatu ko Maduro yafashe ingingo y’uko abakozi basubira ku kazi kuri uyu wa kane, ariko amashure yegukira reta azoba aragumye yugaye uwundi musi umwe.

Kuva ejo kuwa gatatu, umuyagankuba wari wamaze kugaruka ku murwa mukuru Caracas no mu zindi ntara. Ariko uburengero bw’igihugu bwari bukiri mu kizima, harimwo igisagara ca Maracaibo aho amazu y’ukugandarizamwo arenga 500 yasahuwe, nkuko bishikirizwa n’ishirahamwe ry’abadandaji.

Ibiro vy’umushikirizamanza ashigikiye Maduro muri Venezuela vyatanguje amatohoza kuri Juan Guaido akekwa kuba afise uruhara mu guca umuyagankuba. Ariko uwo atavuga rumwe n’ubutegetsi aracidegemvya inyuma y’aho Reta zunze ubumwe za Amerika zigabishije ku ngaruka zishobora gushika mu gihe yohagarikwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG