Uko wahagera

Jean-Pierre Bemba Asaba Gushumbushwa na CPI


Jean-Pierre Bemba yahoze ari icegera c'umukuru w'igihugu muri RDC i Waterloo, mu Bubiligi.

Jean-Pierre Bemba yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu kandi anarongoye umuhari w’abarwanyi muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo, aheruka kurekurwa mu mwaka uheze na sentare mpuzamakungu mpanavyaha ku vyaha yagirizwa vyo mu ntambara, asaba iyo sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI kumushumbusha, imiliyoni 70 z’amafaranga y’abanyabulaya y’ubutunzi bwiwe bwononekaye kuko yafunzwe.

Amakuru ashikirizwa n’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abongereza, Reuters, umushingwamanza wiwe yashikirije ejo kuwa mbere ko inzandiko zemeza iyo ndishi zarungitswe muri CPI kuko yafunzwe mu buryo butubahirije amategeko, asaba kandi indishi y’amafaranga yarishe umushingwamanza hamwe n’uruhombo yagize bitewe n’ingene iyo sentare yagenzuye ubutunzi bwiwe yafashe.

Ubwo butunzi bugizwe n’indege indwi, amazu atatu afitiye muri Portugal, amatongo atatu nanini manini afitiye muri Kongo hamwe n’ubwato bubiri, nkuko vyashikirijwe n’umushingwamanza wiwe, Peter Haynes.

Mu kiringo c’imyaka 10 yamaze mw’ibohero, ubutunzi bwa Bemba bwarasubiye hasi cane, nkuko vyashikirijwe na Haynes abibwiye abamenyeshamakuru i Lahaye ku cicaro ca CPI.

Indishi asaba ihakwa kungana n’igice c’amafaranga CPI ikoresha buri mwaka.

Nta taliki yatanzwe y’igihe urwo rubanza ruzokwakirwa na CPI

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG