Perezida w’Ubufaransa Emmanuel Macron kuri uyu wa mbere aratangura urugendo mu bihugu bitatu vyo mu karere ka Afrika yo mu buseruko, rufise intumbero yo gukomeza umugambi wo gukorera hamwe mu vyerekeye igisirikare, ubudandaji hamwe no kubungabunga ibidukikije.
Urwo rugendo rufise kandi intumbero yo kwegeza kure ibihugu bishasha mur’ako karere, birimwo Ubushinwa.
Turetse igihugu ca Djibouti agendera cahoze gikoronijwe n’Ubufaransa, Macron azoca kandi mu bihugu bibiri bivuga icongereza biriko biratera imbere, Etiyopiya hamwe na Kenya.
Urugendo i Nairobi, ruzoba ari urwa mbere ruzoba rugizwe n’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa.
Mur’urwo rugendo bitegekanijwe kandi ko abonana mu gihugu ca Ethiopia n’umukuru w’ishirahamwe rya Afrika Moussa Faki Mahamat, hanyuma mu gihugu ca Kenya naho, abonane na Prezida mushasha w’igihugu ca Republika iharanira demokrasi ya Congo, Felix Tshisekedi, yatowe mu matora yabayemwo impari nyinshi kandi Ubufaransa bwari bwaneguye.
Urwo rugendo rufise kandi umugambi ngenderwako wa Prezida Macron wo gutsimbataza igihagararo c’Ubufaransa mu makungu, atanguriye kuri Afrika.
Urwo rugendo rubaye mu gihe ahanzwe n’ingorane zitari nke mu gihugu ciwe.
Facebook Forum