Uko wahagera

Guinee-Bissau: Perezida Arashima ko Amatora Yabaye mu Mahoro


Perezida wa Guinea Bissau, Jose Mario Vaz avugana n'abamenyeshamakuru ku kibanza c'amatora i Bissau, italiki 10/03/2019.
Perezida wa Guinea Bissau, Jose Mario Vaz avugana n'abamenyeshamakuru ku kibanza c'amatora i Bissau, italiki 10/03/2019.

Amatora yabaye mu mahoro kandi yitabiriwe ku bwinshi muri Guinea-Bissau ku munsi w’Imana, aho abanyagihugu bagiye gutora inama nshingamateka nshasha mu cizere c’uko uruhagarara rwa politike rumaze imyaka ruhagarara.

"Nta n’umwe yishwe, nta migumuko, nta gushaka gutembagaza ubutegetsi, nta n’umwe yafashwe kandi ntawafunzwe ahowe ivya politike," Ivyo vyashikirijwe na perezida Jose Mario Vaz wa Guinea-Bissau. Yongeye avuga ko igihugu kironse intsinzi mu guharanira umwidegemvyo.

Abanyagihugu batoye abashingamateka mu mugambwe uri ku butegetsi hamwe n’iyindi migambwe 20 itavuga rumwe nawo.

Ivyayavuyemwo vyitezwe ko bishikirizwa mu mpera z’iyi ndwi.

Guinea-Bissau caranzwe n’itembagazwa ry’ubutegetsi kuva kironka intahe yo kwikukira, cikuye ku bukoloni bwa Portugal mu 1973.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG