Uko wahagera

Perezida Bouteflika Yatahutse muri Alijeriya


Indege ya reta ya Alijeriya ihagurutse ku kibuga c'indege c'i Cointrin i Geneve, mu Busuwisi, Italiki 10/03/2019.
Indege ya reta ya Alijeriya ihagurutse ku kibuga c'indege c'i Cointrin i Geneve, mu Busuwisi, Italiki 10/03/2019.

Perezida wa Alijeriya, Abdelaziz Bouteflika yatahutse mu gihugu ciwe kuri uyu w’Imana mu gihe imyiyerekano yiyamiriza ukwitoza kwiwe muri manda ya gatanu ikibandanya.

Bouteflika, w’imyaka 82, yari amaze indwi zibiri i Geneve mu Busuwisi, akorerwa ico ibiro vyiwe vyise gusuzumwa bisanzwe. Ariko benshi biketse ko amagara y’uwo mukuru w’igihugu amaze igihe kirekire ku butegetsi abangamiwe bikomeye. Bouteflika nyiyagaragaye ahabona kuva arwaye mu bwonko muri 2013.

Imyiyerekeno yiyamiriza ikiringo ca gatanu ca Bouteflika yinjiye mu ndwi ya gatatu ku musi wa gatanu, aho ibihumbi vy’abanyagihugu bihereje amabarabara muri Alijeriya n’i Paris mu Bufaransa, ahaba abimukira benshi bamuka muri Alijeriya.

Bouteflika, yaratanze ibisabwa kugira azokwitoze muri manda ya gatanu, ariko yemeza ko mu gihe yotorwa azotwara umwaka umwe gusa, mu nyuma azoce atumako ayandi matora.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG