Umuyangankuba wacitse mu bice bitari bike vy’igihugu ca Venezuela ku musi wa kane wabandanije kubura mu masaha ya kare y’uno musi ku wa gatanu.
Umuyagankuba wacitse mu ntara nka zose 23 zigize igihugu no ku murwa mukuru Caracas. Ku busanzwe, umuyagankuba ntukunda gucika. Abantu batari bake bategerejwe kugenda n’amaguru mu kiringo c’amasaha n’amasaha bagana ingo zabo. Iyo kubera amabisi makeyi yari mu mabarabara mu gihe itereni zigendera mu kuzimu zo ku murwa mukuru zari zugaye.
Abategetsi bavuga ko inkozi z’ikibi zagerageje gusenyura urugomero rw’amazi rwa Guri Dam, rumwe mu ngomero z’umuyagankuba zikomeye cane kw’isi. Yamara nta vyemezo batanze.
Prezida w’umusosiyaliste w’igihugu ca Venezuela, Nicolas Maduro, yavuze ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziri inyuma y’ukwo gucika kw’umuyagankuba mu bice bitari bike vy’igihugu ciwe.
Avuga ko abanyavenezuela bazotsinda ico gikorwa kigayitse. Maduro avuga ko ata n’umwe ashobora gutsinda abanyagihugu ba Simon Bolivar na Hugo Chavez. Abanyagihugu yasavye kuguma bunze ubumwe.
Juan Guaido, yatangaje ko ari we mukuru w’igihugu vy’agateganyo, akaba yemejwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe n’ibihugu 50 yifatiye mu gahanga Maduro ku rubuga Twitter.
Facebook Forum