Muri Malawi, abantu bashika 300, bagwiriyemwo ba nyamwema barihereje amabarabara muri iyi ndwi bagana ku kirimba c’umukuru w’igihugu, Peter Mutharika. Basaba umubonano amaso mu yandi n’umukuru w’igihugu ngo baganire ku bwicanyi bubandanya bukorerwa banyamwema mur’ico gihugu.
Lameck Masina, umumenyeshamakur w’Ijwi ry’Amerika ku murwa mukuru Lilongwe wa Malawi avuga ko iyo myiyerekano yabaye ku musi wa kabiri kandi ko babujijwe gushika ku kirimba c’umukuru w’igihugu ku mvo z’umutekano.
Ba nyamwema muri Malawi barahigwa n’abemera ko ibihimba vy’umubiri wabo iyo bikoreshejwe mu nzira y’ubupfumu bitanga ubutunzi hamwe n’amahirwe.
Igipolisi mur’ico gihugu kivuga ko banyamwema 26 bamaze kwicwa kuva mu mwaka wa 2013, babiri muri bo bishwe mu mezi abiri aheze.
Bahaye perezida Mutharika kubakira mu masaha 48 atar’uko bazogaruka mu rugendo ku kirimba.
Facebook Forum