Uko wahagera

USA: Paul Manafort Yaciriwe Igifungo c'Amezi 47


Paul Manafort, yahoze arongoye imyiyamamazo ya Perezida Donald Trump

Umushikirizamanza wa Reta muri Reta zunze ubumwe za Amerika yaraciriye urubanza rw’igifungo c’amezi 47 Paul Manafort yahoze arongoye ibikorwa vyo kwiyamamaza ku ruhande rwa Perezida Donald Trump ku vyaha yagirizwa vyo kudatanga amakori yose, hamwe n’ubundi bunyonyezi bw’umutungo.

Ico gihano kiri musi y’ico abashikirizamanza bipfuza co kumufunga imyaka iri hagati ya 19 na 24, aho uwo mugabo w’imyaka 69 yari kumara ubuzima bwiwe bwose mw’ibohero.

Abashingwamanza baburanira Manafort basavye ko yohanishwa igifungo kigufi, bavuga ko akitswe n’amagara kandi ko izina ryiwe ryononekaye kandi n’ubutunzi bwiwe bwahungabanijwe n’izo manza.

Abashikirizamanza bavuga ko ico gihano gikwiye kandi ko akwiye no gutanga ihadabu y’amadolari y’abanyamerika ari hagati y’ibihumbi 50 n’imiliyoni 24.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG