Paul Manafort yahoze ari umutegetsi ajejwe ibikorwa vyose bijanye n’ukwiyamamariza amatora vya Prezida Donald Trump mu mwaka w’2016, uyu musi aritaba sentare y’igihugu. Bitegekanijwe ko asomerwa urubanza rw’ivyaha yagirizwa vyo kudatanga amakori yose, hamwe n’ubundi bunyonyezi bw’umutungo.
Ingingo zihava zisungwa muri urwo rubanza zivuga ko umucamanza ashobora kumupfunga mu kiringo kiri hagati y’imyaka 19 na 24. Ku mugabo azoshikana imyaka 70 kw’igenekerezo rya mbere ry’ukwezi kwa kane, umunyororo w’imyaka ingana gutyo, uvuga ko azomara ubuzima bwiwe bwose mw’ibohero.
Abashingwamanza biwe bari basavye igihano coroshe kuko asanzwe akitswe n’amagara.
Abashikirizamanza bobo bavuga ko ico gihano gikwiye kandi ko akwiye no gutanga ihadabu y’amadolari y’abanyamerika ari hagati y’ibihumbi 50 n’imiliyoni 24.
Facebook Forum