Uko wahagera

Sentare ya Nijeriya Yemerewe Atiku Gusuzuma Impapuro z'Amatora


Sentare muri Nijeriya yahaye umurwi w’igihugu ujejwe amatora itegeko ryo guha uburenganzira umugambwe utavuga rumwe na reta, bwo gusuzuma ibikoresho n’inzandiko bijanye n’ayo matora yabaye mu kwezi guheze: amatora yatsinzwe na Prezida Mohammadu Buhari.

Umugambwe utavuga rumwe na reta warashikirije ibirego bivuga kw’ayo matora yabayemwo ubusuma.

Buhari afise imyaka 76 mur’iki gihe, yaronse amajwi angana n’ibice 56 ku ijana, mu gihe Atiku Abubakar, umunyamatungo yahiganywe nawe yahoze ari visi prezida yaronse amajwi angana n’ibice 41 ku ijana.

Inyuma y’aho ivyavuye mu matora bitangarijwe, Atiku afise imyaka 72, yaciye abihakana, araheza ashikiriza ibirego bivuga kw’ayo matora yabayemwo ubusuma kandi kw’agiye kwitura ubutungane.

Umuvugizi w’umugambwe uri ku butegetsi All Progressive Congress, yariyamirije ibirego vya Atiku, akaba yavuze kw’ayo matora yabaye ku mugaragara kandi mu mwidegemvyo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG