Uko wahagera

Sentare Yemeje ko Prezida Macky Sall Yatsinze Amatora muri Senegal


Local people look at debris of a building damaged by a Russian military strike, in Kharkiv, Ukraine.
Local people look at debris of a building damaged by a Russian military strike, in Kharkiv, Ukraine.

Prezida w’igihugu ca Senegal, Macky Sall, yatangajwe icese ejo ku musi wa kabiri ko yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu yabaye mu kwezi gushize. Ni inyuma y’uko sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro yemeje ko yasubiye gutorwa kuyobora Senegal n’ibice 58 kw’ijana vy’amajwi.

Macky Sall yabonwa n’abantu benshi ko yari gutsinda amatora yo mu kiringo ca kabiri inyuma y’uko atumye ubutunzi bwa Senegal bwiyongera ibirenga ibice 6 kw’ijana.

Imirwi iharanira agateka ka muntu yamwagirije ko yakumiye abo bari guhiganwa bikomeye. Abatavuga rumwe nawe bariyamirije ivyavuye mu matora. Yamara bahisemwo kutitura amasentare.

Macky Sall yabwiye abamenyeshamakuru bari bakoraniye mu ngoro yiwe ku musi wa kabiri ko icizere abanyesenegal bamweretse mu kumutora mu kiringo kigira kabiri kizotuma akora yivuye inyuma kugira bamererwe neza kurushiriza.

Yashimiye abamutoye n’abashigikiye imigambi yiwe. Yasavye abatavuga rumwe nawe kuza mu biganiro n’ugushira imbere ubumwe bw’igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG