Uko wahagera

Imyiyerekano ku Kibuga c'Indege cy'i Nairobi muri Kenya


Abakozi ba sosiyete Kenya Airways bari mu myiyerekano bakwirakwijwe n'igipolisi
Abakozi ba sosiyete Kenya Airways bari mu myiyerekano bakwirakwijwe n'igipolisi

Igisirikare ca Kenya casubiriye abakozi bo ku kibuga cy'indege bagararije akazi mu kurangura imirimo yahora irangurwa n’abo bakozi n’ukwubahiriza umutekano kuri ico kibuga c’indege.

Ingenzi zifata indege amajana n’amajana zafatiwe mu gihugu ca Kenya uno musi ku wa gatatu. Ivyo kubera ukugarariza akazi kw’abakozi bo ku kibuga c’indege mpuzamakungu Jomo Kenyatta c’i Nairobi.

Igipolisi cakoresheje inguvu z’umurengera mu gushwiragiza abakozi bari mu myiyerekano y’ukugarariza akazi. Igisirikare ca Kenya casubiriye abo bakozi mu kurangura imirimo bahora barangura, n’ukwubahiriza umutekano kuri ico kibuga c’indege.

Ishirahamwe ry’abakozi bo ku bibuga vy’indege muri Kenya, ryamenyesheje mw’itangazo ko abakozi bo kuri ivyo bibuga bagararije akazi kubera umugambi uhari w’uko ishirahamwe rifata mu minwe amabanga ibiro bijejwe ibibuga vy’indege mu gihugu vyari bijejwe.

Umukuru w’ishirahamwe ry’indege zitwara abantu muri Kenya, Sebastian Milkosz, yatangaje ko indege 24 zitashoboye guhagaruka ku gihe, naho izindi zirungikwa ahandi.

Yatangaje ko ibintu bicikwega yamara ko hariko haraba akarusho umunuta ku munuta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG