Uko wahagera

Guaido Yaratahutse muri Venezuela n'aho Yari Yiteze Guhagarikwa


Juan Guaido agishika ku kibuga c'indege avuye mu bihugu vya Amerika i Caracas muri Venezuela. Itariki 04/03/2019
Juan Guaido agishika ku kibuga c'indege avuye mu bihugu vya Amerika i Caracas muri Venezuela. Itariki 04/03/2019

Juan Guaido atavuga rumwe n’ubutegetsi kandi yemerwa na Reta zunze ubumwe za Amerika nk’umukuru w’igihugu w’imfatakibanza, ejo kuwa mbere niho yashika ku kibuga c’indege i Caracas aho abamushigikiye bari bamurindiriye.

Imbere y’uko atahuka, avuye mu rugendo mu bihugu bimushigikiye ku mugabane wa Amerika, Guaido yari yasavye abanyagihugu gukoranira mu bisagara vyo mu gihugu berekane ko bamushigikiye.

Guaido yari yiteze ko ahagarikwa ashitse.

Umuhanuzi muvy’umutekano mu gihugu mu biro vya perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika John Bolton yashikirije ejo kuwa mbere ko ikintu cose kizobangamira umutekano wa Guaido Amerika n’amakungu bazotanga inyishu mu buryo bukomeye.

Guaido, yemewe na Reta zunze ubumwe za Amerika hamwe n’ibindi bihugu 50 nk’umukuru w’igihugu w’imfatakibanza, arongoye inama nshingamateka ya Venezuela. Yakoresheje ububasha ahabwa n’ibwirizwa shingiro mu kwemeza ko perezida Nicolas Maduro arongoye igihugu mu buryo butemewe kuko yivye amajwi mu matora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG