Uko wahagera

USA: Abashika 81 Baratohozwako mu Matohoza Yiyaguye Kuri Trump


Inyubako y'inama nshingamateka ya Reta zunze ubumwe za Amerika.
Inyubako y'inama nshingamateka ya Reta zunze ubumwe za Amerika.

Abademokrate mu nama nshingamateka ya Reta zunze ubumwe za Amerika ejo kuwa mbere baratanguje amatohoza yiyaguye kuri perezida Donald Trump ku vyabaye mu myiyamamazo yo muri 2016, ku bikorwa vyiwe nk’umugwizatunga, ku vyabaye mu gihe yari akirindiriye kubisikanya na Barack Obama canke nimba aho atanguriye amabanga nka perezida yoba yararemereye ubutungane kugira yiyorohereze.

Akanama gakurikirana ibibazo vy’ubutungane mu nama nshingamateka kararungitse amakete ku bantu 81 hamwe n’amashirahamwe afise ico asangiye na Trump, babasaba inzandiko zitandukanye basabwa kuzoba batanze mu ndwi zibiri ku bikorwa vyabaye vyerekeye perezida agira 45.

Ako kagwi kazoraba cane ko habaye kuremera ubutungane no gukoresha igikenye nk’umukuru w’igihugu mu myaka ibiri ya mbere.

Trump yamye ahakana kugira uruhara mu gukorana n’Uburusiya mu guhungabanya amatora.

Ibiro vy’umukuru w’igihugu White House vyatangaje ko abashingwamanza babo bagiye kwihweza ivyasabwe n’ako kanama k’inama nshingamateka kajejwe ivy’ubutungane imbere yo kugira ico babivuzeko.

Abandi basabwe inzandiko ni ubushikiranganji bw’ubutungane, abategetsi bari barongoye imyiyamamazo, ishirahamwe rya Trump, abahungu biwe babiri Donald Trump Jr. na Eric Trump.




Facebook Forum

XS
SM
MD
LG