Uko wahagera

USA: Ibihuhusi Vyahitanye Abashika 23 muri Alabama


Ivyasambuwe n'ibihuhusi muri reta ya Alabama, muri Reta zunze ubumwe za Amerika. Itariki 04/03/2019
Ivyasambuwe n'ibihuhusi muri reta ya Alabama, muri Reta zunze ubumwe za Amerika. Itariki 04/03/2019

Abategetsi muri reta ya Alabama muri Reta zunze ubumwe za Amerika bariko bararondera aboba bagihema, inyuma y’igihuhusi kivanze n’imvura gikomeye caciye muri iyo reta yo mu bumanuko bwa Amerika ku musi w’Imana, gihitana ubuzima bw’abantu bashika kuri 23.

Abapfuye barashobora kwiyongera mu gihe abatabara bakiriko bararondera abandi mu vyasambutse.

Jay Jones, arongoye komine ya Lee, yashikirije ejo kuwa mbere ko abantu barenga cumi bataraboneka. Mu bapfuye harimwo imiryango yose yapfiriye rimwe hamwe n’abana b’imyaka 6, 9 na 10.

Perezida Donald Trump yabwiye abamenyeshamakuru ejo kuwa mbere ko Amerika igandariye abahitanwe n’ivyo bihuhusi.





Facebook Forum

XS
SM
MD
LG