Ibitero ku gace ka Baghuz kagisigaye mu minwe y’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu muri Siriya vyaragabanije umurindi mu gihe vyinjiye mu musi wa gatatu. Abarwanyi Forces Democratique Syriens bashigikiwe na Reta zunze ubumwe za Amerika bavuga ko vyatewe n’abanyagihugu bafashwe n’abakora iterabwoba nk’inkinzo.
Abategetsi b’urunani mpuzamakungu ubwa mbere bari bashikirje amakenga bw’abo banyagihugu.
Abanyagihugu bagereranywa ko barenga ibihumbi 13 nibo bavuye i Baghuz mu ndwi y’imbere y’igitero co kuwa gatanu cakozwe n’abarwanyi bashigikiwe na Amerika. ONU ishikiriza ko abarenga 90 kw’ijana ari abagore hamwe n’abana bari munsi y’imyaka itanu.
Facebook Forum