Uko wahagera

Venezuela: Guaido Aremererwa Gutahuka mu Gihugu Ciwe?


Guaido atavugarumwe n'ubutegetsi muri Venezuela n'umwana wiwe, avuye mw'ihoteli i Salinas, muri Ecuador yitegurira gutahuka mu gihugu ciwe, itariki 03/03/2019.
Guaido atavugarumwe n'ubutegetsi muri Venezuela n'umwana wiwe, avuye mw'ihoteli i Salinas, muri Ecuador yitegurira gutahuka mu gihugu ciwe, itariki 03/03/2019.

Uwutavuga rumwe n’ubutegetsi muri Venezuela, Juan Guaido yahamagariye abanyagihugu kwihereza amabarabara ejo kuwa mbere, umusi ategekanya gutahuka, inyuma y’urugendo yarimwo mu bindi bihugu bimushigikiye vyo ku mugabane wa Amerika.

Guaido, yemewe na Reta zunze ubumwe za Amerika hamwe n’ibindi bihugu 50 nk’umukuru w’igihugu w’imfatakibanza, arongoye inama nshingamateka. Guaido yakoresheje ububasha ahabwa n’ibwirizwa shingiro mu kwemeza ko ubutegetsi bwa perezida Nicolas Maduro butemewe n’amategeko mu kwemeza ko amatora yabayemwo ubusuma.

Guaido yari muri Ecuador ku musi wa gatandatu aho yarangirije urugendo mu bihugu vyo muri Amerika y’ubumanuko rwari rutumbereye kuremera Maduro ngo yomoke ave ku butegetsi.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG