Uko wahagera

Ibitero vya Al Shabab i Mogadicio Vyahitanye Abarenga 18


Ku murwa mukuru w’igihugu ca Somaliya, Mogadisho, inkoho zari zicasana uyu musi kuw gatanu ku murango hagati y’abasirikare b’igihugu hamwe n’intagondwa z’abagwanyi bo mu muhari al-Shabab, zikiri mu nyubakwa, iri hafi y’aho zari zateze ikibombe mu mudoka. Ico kibombe cahitanye ubuzima bw’abantu barenga 18.

Umupolisi Kapiteni Mohamed Hussein yabwiye ibiro bijejwe gutangaza amakuru Associate Press vy’Abanyamerika, ko abantu barenga 40 bari muri iyo nyubakwa yatewe kuva ejo ku musi wa kane ku mugoroba, bakomeretse.

Kapiteni Hussein yavuze ko abasirikare b’igihugu bari bakiriko baragarageza gutuza abo bagwanyi binyegeje mu nyubakwa iri hafi y’ihoteli yitwa Maka Almukarramah, yatewe n’uyo murwi w’intagondwa. Yasiguye kandi ko igitigiri c’abaguye muri ico gitero gishobora kwiyongera.

Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu mu gihugu ca Somaliya hamwe n’ayandi mashirahamwe vyiyamirije ico gitero.

Ico gitero kibaye mu gihe igisikare ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, cari kimaze imisi gikora ibitero vy’indege ku murwi al-Shabab.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG