Perezida w’igihugu ca Senegal, Macky Sall yarastindiye ikiringo kigira kabiri ku ncuro ya mbere y’amatora. Ivyo vyatangajwe n’abategetsi bajejwe amatora mur'ico gihugu ejo ku musi wa kane.
Ivy’uko abakandida bakomeye batavuga rumwe na Reta bazokwemera ivyavuye mu matora vyatangajwe canke bazovyitwarira muri sentare ntibiramenyekana.
Mu ntango z’iyi ndwi abo bakandida bariyamirije ibiharuro vya mbere vy’ivyavuye mu matora yabaye ku musi w’Imana urangiye.
Mu vyavuye mu matora vyashikirijwe ejo ku wa kane, Perezida Macky Sall yaronse 58.27 kw’ijana vy’amajwi.
Hisunzwe ivyavuye mu matora vy’agateganyo, umukandida akomeye yahiganywe na Prezida Sall, Idrissa Seck yaronse 20.50 kw’ijana vy’amajwi mu gihe umukandida Ousmane Sonko yaronse 15.67 kw’ijana vy’amajwi.
Abarorerezi b’amatora bavuga ko ata bibazo biboneka vyibonekeje mu matora yo ku musi w’Imana urangiye muri Senegal.
Facebook Forum