Uko wahagera

Amerika n'Ubushinwa Ntibimirije Amasezerano ku Bidandazwa Vuba


Robert Lighthizer, arongoye intumwa za Amerika mu biganiro n'Ubushinwa

Umutegetsi wo ku rwego rwo hejuru wa Reta zunze ubumwe za Amerika mu biganiro ku guhanahana ibigandazwa n’Ubushinwa, Robert Lighthizer yashikirije ejo kuwa gatatu ko ata masezerano yitezwe gupfundikwa mu gihe ca hafi.

Reta zunze ubumwe za Amerika n’Ubushinwa, ibihugu bibiri vya mbere bitunze kw’isi, bimaze amezi birondera gushika ku mwumvikano, naho bafashe amatagisi mashasha aremereye ku ma miliyaridi y’amadolari y’ibidandazwa ku mpande zose.

Lighthizer yabwiye abashingamateka ba Amerika ejo kuwa gatatu ko ibiganiro hagati y’intumwa z’ivyo bihugu bibiri vyabereye i Washington n’i Beijing, biriko vyerekana ko hari intambuko zishimishije.

Perezida Donald Trump yavuze ko kubw’izo ntambwe mur’ivyo biganiro yigijeyo ingingo yo kwongereza amatagisi ku bidandazwa vy’ubushinwa vy’igiciro c’imiliyaridi 200 vyari bitegekanijwe kuja mu ngiro kuri uyu wa gatanu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG