Uko wahagera

Macky Sall Ashobora Kwegukana Intsinzi ya Prezida muri Senegal


Prezida Macky Sall atora ku cyumweru.
Prezida Macky Sall atora ku cyumweru.

Ibiharuro vy’agateganyo bivuye mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye muri Senegal, ku musi wa mungu, bizotangazwa ejo ku musi wa kane. Iyo nkuru yatangajwe na komisiyo y’igihugu ijejwe amatora, CNRV mu mpfunyapfunyo.

Ibiharuro vy’agateganyo vy’ivyavuye muri ayo matora vyerekana ko Prezida Macky Sall ari we azotsinda mu ncuro ya mbere.

Abakandida 2 bakomeye bahiganwa, Idrissa Seck yahoze ari umushikiranganji wa mbere yarangije mu kibanza ca kabiri mu gihe Ousmane Sonko abonwa ko yarangije mu kibanza ca gatatu. Abo bakandida bompi biyamirije ivya mbere bivuye mu matora. Babona ko hategerezwa kuba incuro ya kabiri y’amatora.

Hisunzwe amategeko, komisiyo y’igihugu ijejwe amatora ifise gushika ku musi wa gatanu kugira ibe yatangaje ibiharuro vy’agateganyo.

Ku bw’amakuru yatangajwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati, igitigiri c’abitavye amatora cararenze ibice 66 kw’ijana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG