Umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Mohammad Javad Zarif, ejo kuwa mbere yatangaje ko atanze imihoho mu mabanga yiwe, avuga ko ababajwe n’uko atabashije kubandanya ayo mabanga.
Zarif nta mvo n’imwe yatanze yatumye afata iyo ngingo kandi na perezida Hassan Rouhani ntaco arabivugako.
Zarif yari umwe mu bategetsi bo hejuru baganiriye ku masezerano ya Nikleyeli yo muri 2015 hamwe n’ibihugu bitandatu rutura kw’isi, aho Irani yemeye guhagarika porogaramu ya Nikleyeli, nayo igakurwako ibihano yafatiwe.
Perezida Donald Trump yakuye Reta zunze ubumwe za Amerika muri ayo masezeramo mu mwaka uheze.
Facebook Forum