Uko wahagera

Kuki Umushikiranganji w'Imigenderanire wa Irani Yatanze Imihoho?


Umushikiranganji wa Irani w'imigenderanire, Mohammad Javad Zarif ashikiriza ijambo mu nama ya buri mwaka ku mutekano, i Munich, mu Budagi, Italiki 17/02/2019.
Umushikiranganji wa Irani w'imigenderanire, Mohammad Javad Zarif ashikiriza ijambo mu nama ya buri mwaka ku mutekano, i Munich, mu Budagi, Italiki 17/02/2019.

Umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Mohammad Javad Zarif, ni umwe mu bategetsi bakomeye ba Irani baganiriye ku masezerano ya Nikleyeli n'Ibihugu rutura kw'isi.

Umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Mohammad Javad Zarif, ejo kuwa mbere yatangaje ko atanze imihoho mu mabanga yiwe, avuga ko ababajwe n’uko atabashije kubandanya ayo mabanga.

Zarif nta mvo n’imwe yatanze yatumye afata iyo ngingo kandi na perezida Hassan Rouhani ntaco arabivugako.

Zarif yari umwe mu bategetsi bo hejuru baganiriye ku masezerano ya Nikleyeli yo muri 2015 hamwe n’ibihugu bitandatu rutura kw’isi, aho Irani yemeye guhagarika porogaramu ya Nikleyeli, nayo igakurwako ibihano yafatiwe.

Perezida Donald Trump yakuye Reta zunze ubumwe za Amerika muri ayo masezeramo mu mwaka uheze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG