Guharura amajwi kuva ejo kuw’Imana niho vyatangura muri Senegal, inyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu yabaye ejo nyene mu mahoro n’umutekano ntangere.
Umurwi ujejwe gutunganya amatora mur’ico gihugu, CENA, watangaje ko ivyayavuyemwo bishobora kumenyekana kuri uyu wa mbere canke ejo kuwa kabiri.
Inyuma y’indwi zitatu z’imyiyamamazo, abanyagihugu ejo kuw’Imana bagiye guhitamwo Macky Sall asanzwe ari ku butegetsi arondera ikiringo ca kabiri, ahigwanwa n’abandi bane ari bo Idrissa Seck, Ousmane Sonko, Madické Niang na Issa Sall.
Uwuzokwemerwa ko yatsindiye ikibanza c’umukuru w’igihugu azotegerezwa gukwiza amajwi arenga ibice 50 kw’ijana. Mu gihe ata n’umwe yoyashikana, babiri ba mbere bazoca bongera guhiganwa mu yandi matora mu kwezi kwa gatatu.
Facebook Forum