Uko wahagera

Prezida wa Senegal Yiteguye Gutsinda Amatora Mashasha


Prezida Macky Sall yiyamamaza mu gisagara ca Pikine kuya 7/2/2019
Prezida Macky Sall yiyamamaza mu gisagara ca Pikine kuya 7/2/2019

Prezida w’igihugu ca Senegal, Macky Salll, ariko arondera kwitoza mu kiringo kigira kabiri. Afise icizere ko azosubira gutorwa kandi ko azotsinda mu ncuro ya mbere y’amatora.

Macky Sall avuga imigambi ikomeye yerekeye inyubako yashoboye guherahezwa ku ntwaro yiwe, harimwo amabarabara y’ikaburimbi, n’ikibuga mpuzamakungu gishasha bizomufasha mu gusubira gutsinda amatora.

Abamunebagura yamara bavuga ko ashobora gutsinda amatora ata ngorane kubera abanyepolitike 2 bakomeye batavuga rumwe nawe bankiwe kwitoza. Abo banyepolitike 2 bagiwe n’ivyaha vya ruswa. Ivyagirizo ababashigikiye bavuga ko bifatiye ku mpamvu za politike.

Umukuru w’igisagara ca Dakar ari mu banyepolitike bankiwe kwitoza kubera yagiwe n’ivyaha vy’ugukoresha nabi amafranga y’igihugu. Umukandida abonwa ko ari imbere y’abandi mu bo bahiganwa ni Idrissa Seck, yiyamamarije kuba prezida incuro zibiri imbere yaho.

Maky Sall yagiye ku butegetsi mu mwaka w’i 2012. Azohiganwa n’abakandida bane mu matora y’umukuru w’igihugu azoba muri Senegal ku musi w’Imana wimirije.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG