Uko wahagera

Abasirikare 200 b'Amerika Bazogumizwa muri Siriya


Abasirikare ba Reta zunze ubumwe za Amerika bagenzura intara ya Hassakeh, hafi y'urubibe na Turukiya, Siriya, itariki 4/11/2018.
Abasirikare ba Reta zunze ubumwe za Amerika bagenzura intara ya Hassakeh, hafi y'urubibe na Turukiya, Siriya, itariki 4/11/2018.

Abasirikare bashika 200 b’Abanyamerika nibo bazosigara muri Siriya inyuma y’aho Reta zunze ubumwe za Amerika zizokurirayo abasirikare, nkuko ibiro vy’umukuru w’igihugu, White House vyabishikirije ejo kuwa kane.

Umushikiranganji wo kumenyeshamakuru muri White House, Sarah Sanders yavuze ko igitigiri gito c’abasirikare babungabunga amahoro ari bo bazosigara muri Siriya mu kiringo kanaka. Ariko nta vyinshi birenze aho yavuze.

Babajijwe ibijanye n’ayo makuru ejo kuwa kane nyene, ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika bwarungitse abamenyeshamakuru kubaza ibiro vya perezida, white House.

Abasirikare b’Abanyamerika bashika 2,000 ni bo bari muri Siriya, gufasha abarwanyi b’aba kurde bariko bararwanya ibisigarira vy’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG