Uko wahagera

Prezida Maduro wa Venezuela Yugaye Urubibe na Bresil


Perezida wa Venezuela Nicolas Maduro
Perezida wa Venezuela Nicolas Maduro

Perezida wa Venezuela, Nicolas Maduro yarugaye urubibe igihugu ciwe gihana na Brezil, yongera agabisha ko ashobora gukora nkuko na Colombia kugira abuze ko imfashanyo zinjira mu gihugu.

Amatoni y’imfashanyo z’imfungurwa, imiti n’ibindi, vyinshi vyavuye muri Reta zunze ubumwe za Amerika vyazibiriwe ku rundi ruhande rwa Colombiya, ahari ikiraro kigihuza na Venezuela.

Maduro avuga ko Venezuela atari igihugu gisegerereza, kandi avuga ko yanse imfashanyo avuga ko ari imyiteguro ya Amerika yo kuvogera igihugu. Maduro yararungitse abasirikare ku mbibe z’igihugu.

Umukuru w’inama nshingamateka Juan Guaido, avuga ko ari we mukuru w’igihugu w’imfatakibanza nawe yashikirije ko ategekanya kwinjiza izo mfashanyo mu gihugu ku musi wa gatandatu, n’aho igisirikare kimeze magabo, ariko ntatomora uko azobikora.

Maduro yaremeye kuganira na Guaido, ariko yanka kuva ku butegetsi canke gutunganya ayandi matora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG