Uko wahagera

Prezida Museveni Azongera Kwitoza mu matora ya 2021 muri Uganda


Perezida Yoweli Museveni wa Uganda mu nama y'umuryango w'ubumwe bwa Afrika, i Addis Abeba muri Etiyopiya, itariki 28/01/2018
Perezida Yoweli Museveni wa Uganda mu nama y'umuryango w'ubumwe bwa Afrika, i Addis Abeba muri Etiyopiya, itariki 28/01/2018

Mu gihugu ca Uganda, komite nshingwabikorwa y’umugambwe uri ku butegetsi National Resistance Movement, NRM, mu mpfunyapfunyo, yagenye Prezida Yoweri Museveni kuwuserukira, mu matora ya prezida yo mu mwaka w’i 2021.

Iyo komite yatangaje uno musi ku wa gatatu ku rubuga rwawo rwa Twitter, ko bifatiye ku buyobozi bwiza bwa Prezida Museveni mu kiringo ciwe co muri iki gihe, imusavye kuyobora umugambwe NRM mu mwaka w’i 2021 n’inyuma y'aho. Mu mwaka w’i 2021, Museveni azokwitoza mu kiringo kigira gatandatu.

Mu mwaka uheze sentare yarashigikiye itegeko rikuraho inzitizi ku myaka umukandida atoba arengeje kugira yitoze kuba prezida. Ivyo vyahaye Museveni uburenganzira bw’ugusubira kwitoza. Iyo ataba iryo tegeko, Museveni afise imyaka 74 muri iki gihe, ntiyoshoboye gusubira kwitoza.

Prezida Museveni, acuditse na Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku bijanye n’umutekano mu karere, yafashe ubutegetsi nyuma y'intambara mu mwaka w’i 1986.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG