Mu gihugu ca Uganda, komite nshingwabikorwa y’umugambwe uri ku butegetsi National Resistance Movement, NRM, mu mpfunyapfunyo, yagenye Prezida Yoweri Museveni kuwuserukira, mu matora ya prezida yo mu mwaka w’i 2021.
Iyo komite yatangaje uno musi ku wa gatatu ku rubuga rwawo rwa Twitter, ko bifatiye ku buyobozi bwiza bwa Prezida Museveni mu kiringo ciwe co muri iki gihe, imusavye kuyobora umugambwe NRM mu mwaka w’i 2021 n’inyuma y'aho. Mu mwaka w’i 2021, Museveni azokwitoza mu kiringo kigira gatandatu.
Mu mwaka uheze sentare yarashigikiye itegeko rikuraho inzitizi ku myaka umukandida atoba arengeje kugira yitoze kuba prezida. Ivyo vyahaye Museveni uburenganzira bw’ugusubira kwitoza. Iyo ataba iryo tegeko, Museveni afise imyaka 74 muri iki gihe, ntiyoshoboye gusubira kwitoza.
Prezida Museveni, acuditse na Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku bijanye n’umutekano mu karere, yafashe ubutegetsi nyuma y'intambara mu mwaka w’i 1986.
Facebook Forum