Uko wahagera

Venezuela: Igisirikare Kiriteguye Kurwanya Abanyamahanga


Umushikiranganji wa Venezuela ajejwe kwivuna abansi, Vladimir Padrino Lopez, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Caracas, Venezuela, itariki 19/02/2019.
Umushikiranganji wa Venezuela ajejwe kwivuna abansi, Vladimir Padrino Lopez, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Caracas, Venezuela, itariki 19/02/2019.

Umushikiranganji wa Venezuela ajejwe kwivuna abansi ashikiriza ko abasirikare biwe bazogumizwa ku mbibe z’igihugu, inyuma y’aho perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump ashikirije ko inzira zose zishoboka zo gukuraho ubutegetsi buhari.

Umushikiranganji wa Venezuela ajejwe kwivuna abansi, Vladimir Padrino, mw’ijambo yashikirije kuri televiziyo y’igihugu ejo kuwa kabiri, yaraneguye ivyashikirijwe na Trump, mu kubita abatazi ico bakora.

Padriano yashikirije ko abasirikare batazigera bahabwa amategeko n’ibihugu bikomeye vyo hanze kandi bazoguma ku mbibe kugira babuze akajagari.

Padrino yavuze ko uwo wese yipfuza gushiraho reta z’ivyaduka azobanza kugandagura abasirikare. Reta zunze ubumwe za Amerika hamwe n’ibindi bihugu 50 vyemeje umukuru w’inama nshingamateka, Juan Guaido ko ari we perezida w’imfatakibanza.

ku musi wa mbere, Trump yashikirije aho yari muri reta ya Florida ko Amerika iriko irarondera gusubiriza ubutegetsi mu mahoro muri Venezuela, ariko ko inzira zose zishoboka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG