Uko wahagera

Siriya: Umuhari wa Reta ya Kiyisilamu Wabuze Ubuhungiro


Ibiduga vya gisirikare vy'urunani rurongowe na Reta zunze ubumwe za Amerika mw'ibarabara, mu muhana y'i Baghuz muri Siriya. Itariki 17/02/2019
Ibiduga vya gisirikare vy'urunani rurongowe na Reta zunze ubumwe za Amerika mw'ibarabara, mu muhana y'i Baghuz muri Siriya. Itariki 17/02/2019

Umuhari w’iterabwoba wa reta ya Kiyisilamu uriko uranka kwishikana ku barwanyi bo muri Siriya bashigikiwe na Reta zunze ubumwe za Amerika kandi bariko basaba isohokero ngo bave mu buseruko bwa Siriya aho bari bagize icumbi , nkuko vyashikirijwe kuri uyu wa mbere n’abategetsi ba gisirikare.

Abarwanyi Forces Democratique Syriens (FDS), bo mu bwoko bw’aba kurdes bafashwe mu mugongo na Amerika, bavuga ko umuhari ISIS wakikujwe mu gace ko mu ntara ya Deir el-Zour mu buseruko bwa Siriya.

Abarwanyi b’umuhari w’iterabwoba wa reta ya Kiyisilamu wasavye ko wohungira mu bugaragwa bwo muri Iraki. Ako kamo kabo ntikemewe, nkuko amakuru Ijwi ry’Amerika ryakuye mu barwanyi ba FDS avuga.

Abarwanyi ba ISIS barenga 300 nibo bakekwa kuba basigaye mu gisagara ca Baghuz, muri Siriya. Ku mfashanyo z’urunani rurongowe na Reta zunze ubumwe za Amerika, abarwanyi ba FDS barabasunitse babakura mu duce twose bari barifatiye kuva mu mwaka wa 2014 umuhari wa reta ya kiyisilamu ukivuka.





Facebook Forum

XS
SM
MD
LG