Uko wahagera

USA: Trump Aratangaza ko Igihugu Kiri mu Bihe Kibangamiwe


Perezida Donald Trump mu myiyamamazo mu gisagara ca El Paso, Texas, italiki 11/02/2019.
Perezida Donald Trump mu myiyamamazo mu gisagara ca El Paso, Texas, italiki 11/02/2019.

Muri Reta zunze ubumwe za Amerika, perezida Donald Trump aratangaza ko igihugu kiri mu bihe kibangamiwe kugira ace inyuma ya Kongres abone kuronka amafaranga yo kwubaka uruhome yipfuza rwo kuzibira abimukira binjira bava muri Mexique batubahirije amategeko.

Sena hamwe n’inama nshingamateka bemeje integuro y'tegeko ririmwo amafaranga yo kwubaka igice gito c’uruzitiro ku rubibe Amerika ihana na Mexique, kandi barirungikiye Perezida Trump. Bitegekanijwe ko aryemeza kuri uno wa gatanu kugira ibikorwa vya reta ntivyongere guhagarikwa.

Inyuma y’ibiganiro hagati y’impande zibiri mu migambwe yose, bamuhaye umuriyaridi 1.3 w’amadolari, ari munsi cane y’imiriyaridi 5.7 yari yasavye.

Gutangaza ko igihugu kiri mu bihe kibangamiwe, biha Trump ububasha bwo gukura amafaranga aho ariho hose mu kigega ca reta akabona kuyakoresha mu kwubaka uruhome.

Mu gihe yotangaza ko igihugu kiri mu bihe kibangamiwe, abademokrate bahiga guca bamwitwarira mu butungane, umugambi wiwe wo kwubaka urwo ruhome uzoca uba urarindirijwe gushika ubutungane bushikirije icemezo bwafashe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG