Uko wahagera

Umuriro Wadutse mw'Ihoteri Wahitanye 17 mu Buhinde


Hoteri Arpit Palace yo mu murwa mukuru w'Ubuhinde New Delhi
Hoteri Arpit Palace yo mu murwa mukuru w'Ubuhinde New Delhi

Abantu 17 bapfuye uno musi ku wa kabiri igihe umuriro waduka mw’ihoteri ku murwa mukuru w’igihugu c’Ubuhindi, New Delhi.

Uwo muriro wo kuri hoteri, “Arpit Palace” wadutse mu gice kibamwo abantu benshi kiri hagati mu gisagara. Amasanamu yerekanye uwo muriro uriko waka mu gice cose co hejuru muri iyo hoteri.

Umuyobozi mukuru w’abajejwe kuzimya umuriro yatangaje ko bashoboye kuzimya uwo muriro muri iki gihe. Amenyesha ko abantu 35 batabawe n’abajejwe kurwanya umuriro mu gikorwa camaze amasaha atari make. Igipolisi kimenyesha ko kiriko kiratohoza icatumye uwo muriro waduka.

Imiriro irakunda kwaduka mu gihugu c’Ubuhindi kubera kudafata ingingo zihagije z’ugutuma ivyo bidashika hamwe n’ukutubahiriza amategeko.

Mu gisagara ca Mumbai, impanuka z’umuriro zikunda kwaduka kenshi, aho abantu imiliyoni n’imiliyoni babana begeranye cane mu nyubakwa zidafashwe neza zirihisha amafranga menshi cane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG