Uko wahagera

Irani Yifatiye mu Gahanga Amerika


Abanya-Irani ku murwa mukuru Teherani mu birori vyo kwibuka imyaka 40 habaye revolisiyo, Itariki 11/02/2019.
Abanya-Irani ku murwa mukuru Teherani mu birori vyo kwibuka imyaka 40 habaye revolisiyo, Itariki 11/02/2019.

Abanyagihugu ba Irani baharurwa mu bihumbi amajana, benshi baririmba bati” Amerika Nyagupfa” barihereje amabarabara mu bisagara vyo mu gihugu ejo kuwa mbere aho bibuka imyaka 40 iheze habaye revolisiyo y’Abayisilamu.

Ibirwanisho vya Misile hamwe n’ibikoho biremereye vyari vyatwawe mu mabarabara yo ku murwa mukuru Teherani, aho abiyamamaza baturira amabendera ya Reta zunze ubumwe za Amerika na Isirayeli.

Perezida Hassan Rouhani yashikirije ko azobandanya urugendo rwiwe rwo gukomeza igisirikare.

Umushikiranganji wa Irani w’imigenderanire n’ayandi makungu, Mohammad Javad Zarif mu butumwa bwiwe akoresheje urubuga Twitter, yarashimiye abanyagihugu kubona basidukanye n’iyonka mu guhimbaza umusi Amerika itipfuza ko wokwigera uba.

Nawe Perezida Trump yishuye avuga ko iyo myaka 40 abanyagihugu ba Irani bayimaze mu magorwa n’ubukene kandi bakeneye kazoza keza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG