Umukuru w’igihugu c’u Rwanda, Paul Kagame, yahoze atwara umuryango w’ubumwe bwa Afrika ku musi w’Imana yarahaye inkoni y’ubwo burongozi mugenzi we wa Misiri, asa n’uwugiye gushira inguvu ku bibazo vy’umutekano muke bihanze ibihugu muri uyo muryango.
Ni mu nama y'imisi ibiri y'abakuru b'ibihugu ibera i Addis Abeba muri Etiyopiya.
Mu gihe havugwa ibibazo vy’intambara kuri uyo mugabane wa Afrika ari vyo bizokwihwezwa mur’iyo nama y’abakuru b’ibihugu 55 bigize uwo muryango, iyo nama izokwihweza kandi n’inagurwa ry’ibisata bimwe bimwe vyayo.
Abahinga bakurikiranira hafi ivy’uyo muryango bavuga ko ku burongozi bwa Misiri, ibibazo vy’ubutunzi hamwe no kunagura ibijanye n’intwaro vyatangujwe na perezida Kagame atari vyo azoshira imbere.
Sisi we ategekanya kwitaho cane ibibazo vy’umutekano, kubungabunga amahoro hamwe no gusanura ivyasambuwe n’intambara.
Facebook Forum