Perezida wa Sierra Leone, Julius Maada Bio ejo kuwa kane yatangaje ko ugufata abakenyezi ku nguvu hamwe n’ayandi mabi akorerwa abakenyezi ari ibihe igihugu kirimwo kidasanzwe, yemeza ko abazokwagirwa n’ivyo vyaha bazofungwa ubuzima bwabo bwose.
Ni inyuma y’aho amarira y'abakenyezi bakorerwa ivyamfurambi yabaye menshi ku rugero ruteye ubwoba mur’ico gihugu.
Ibitigiri vy’abakenyezi bafatwa ku nguvu vyariyongereye incuro zibiri mu mwaka uheze, aho abakenyezi 8,505 mu banyagihugu imiliyoni 7.5 ari bo bahohotewe, nkuko ibiharuro bitangwa n’igiporisi bibivuga.
Perezida Bio avuga ko hagiye gushirwaho igisata c’igiporisi kigenzura amabi akorerwa abakenyezi hamwe na sentare yihariye izohana ivyo vyaha.
Mu ntambara hagati y’abonse rimwe yamaze imyaka 10, ibihumbi vy’abakenyezi n’abakobwa barafashwe ku nguvu, nkuko raporo yo mu mwaka wa 2003 yasohowe na Human Right yabitohoje.
Facebook Forum