Uko wahagera

ONU: Aba Houti muri Yemeni Bicishije Abanyagihugu Inzara


Ishirahamwe mpuzamakungu ONU risaba aba Houti barwanya reta ya Yemeni guha abakozi batanga imfashanyo umuhora wo gushikira ikigega kirimwo ibifungurwa bishobora kugaburira abanyagihugu bashika imiliyoni zine bari mu kwicwa n’inzara. Ivyo vyashikirijwe na Mark Lowcock, umukuru w’ikigo ca ONU kijejwe imfashanyo ejo kuwa kane.

Izo mfungurwa z’intete zabitswe mu bigega hafi y’igisagara ca Hodeida kiri mu minwe y'abarwanya reta kandi zishobora kubungwa no kubora.

Mu kwezi guheze, bibiri muri ivyo bigega vyaratewe n’ibisasu. Lowcock yavuze ko zimwe mur’izo ntete zononekaye, ariko ko hakirimwo izoshobora kugaburira ibihumbi amajana vy’abantu.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimaze amezi rikora kugira rikinge inzara mur’ico gihugu catabaguwe n’intambara. Ku miliyoni 24 z’abantu, 80 kw’ijana z’abanyayemeni bose bakeneye imfashanyo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG