Uko wahagera

Amasezerano y'Amahoro ku Ntambara muri Centrafrika Yasinywe


Umukenyezi ariko ararira imbere y'inteko za Minusca, i Bangui, italiki 11/04/2018
Umukenyezi ariko ararira imbere y'inteko za Minusca, i Bangui, italiki 11/04/2018

Reta ya Centrafrika ejo kuwa gatatu yarasinye amasezerano y'amahoro n’imihari yitwaje ibirwanisho yigaruriye hafi igihugu cose, mu ntumbero yo kurangiza intambara imaze imyaka itari mike isesa amaraso y’abanyagihugu.

Perezida Faustin-Archange Touadera yashikirije ko ashobora gutangura ingendo mu gihugu gushikiriza ubutumwa bw’amahoro ku banyagihugu.

Aya masezerano yapfundikiwe i Khartoum muri Sudani ku musi wa kabiri inyuma y’ibiganiro vyamaze igihe kirekire bishigikiwe n’umuryango w’ubumwe bwa Afrika hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Aya masezerano ashitsweko inyuma y’ayandi yageragejwe incuro zitandatu mu kiringo cababa imyaka itandatu mur’ico gihugu kiri mu bikenye cane kw’isi.

Iyo ntambara yahitanye ibihumbi vy’abantu, ikura mu ngo zabo ica kane c’abanyagihugu imiliyoni 4.5.

Umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres yarasohoye urwandiko rushigikira ayo masezerano yongera asaba ibihugu bibanyi na Centrafrika hamwe n’abandi gufasha amasezerano y’amahoro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG