Uko wahagera

Papa Fransisiko Muri Emirat Zunze Ubumwe z'Abarabu


Papa Fransisiko yakirwa n'umuhungu w'umwami wa Emirat zunze ubumwe z'Abarabu Sheikh Mohammed bin Zayed Al Nahyan, agishika ku kibuga c'indege
Papa Fransisiko yakirwa n'umuhungu w'umwami wa Emirat zunze ubumwe z'Abarabu Sheikh Mohammed bin Zayed Al Nahyan, agishika ku kibuga c'indege

Papa Fransisiko, umwungere wa Ekleziya Katolika ejo kuw’Imana yaragendeye Emirat zunze ubumwe z’Abarabu. Abaye Papa wa mbere agendeye izinga ry’Abarabu, ku mamuko y’idini ry’abayisilamu.

Kuva atanguye amabanga yiwe muri 2013, Papa amaze kugendera ibihugu bitari bike birwiriyemwo abayisilamu.

Papa Fransisiko yatumiwe n’umuhungu w’umwami wa Emirat zunze ubumwe z’Abarabu, Sheikh Mohammed bin Zayed al-Nahyan mu nama ihuza abafise ukwizera gutandukanye aho amara umwanya uri musi y’amasaha 48.

Bitegekanijwe ko ashikiriza inkuka y’imisa kuri stade y’i Abu Dhabi ejo ku musi wa kabiri, vyitezwe ko ikurikiranwa n’abantu ibihumbi 135.

Abantu bashika 10 kw’ijana muri Emirat zunze ubumwe z’Abarabu, n’ukuvuga abashika umuliyoni ni abakatolika, benshi muri bo ni abakozi b’abanyamahanga bagiye mur'ico gihugu bavuye mu karere ka Aziya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG