Uko wahagera

Reta y'Uburundi Yangiye Brarudi Kuzamura Ibiciro


Burundi
Burundi

Reta y’Uburundi yahagaritse ingingo y’ihinguriro ry’ibinyobwa Brarudi ryaduza ibiciro vy’ibinyobwa bimwe bimwe rihingura. Umushikiranganji w’ubudandaji Jean Marie Niyokindi yemeza ko habandanya hakwirikizwa ibiciro vyakera kuko Brarudi ritagishije inama Reta mu gufata iyo ngingo.

Ihinguriro ry’ibinyobwa Brarudi ryo rivuga ko ridugije ibiciro kubera ivyankenerwa bakoramwo ivyo binyobwa vyazimvye. Itangazo ry’ihinguriro ry’ibinyobwa vya Brarudi riduza ibiciro vy’ibinyobwa bimwe bimwe bihingurwa n’iryo hinguriro ryabonetse ku munsi wa mbere aho ryamenyesha ko ibinyobwa nyongera amstel royal amstel cl 65 hamwe na amstel Bock ibiciro kuva kuri uno wa kabiri bigiye guhinduka ahatongeweko ijana hongeweko amafaranga amajana abiri kw’icupa.

Umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika mu Burundi Raymond Nzimana araduha insiguro:

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:11 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG