Uko wahagera

Abarenga 100 Barafashwe Barwanya Ubutegetsi muri Kameruni


Abapolisi muri Kameruni

Igihugu ca Kameruni kivuga ko igiporisi caco carashe congera kirakomeretsa abantu indwi kandi gifata abantu 117 mu bisagara bitandukanye ku musi wa gatandatu, ahariko harabera imyiyerekano abayitunganije bavuga ko ari uguhagarika ivyavuye mu matora. Abayitavye bari barongowe na Maurice Kamto, avuga ko ariwe yatsinze amatora yo mu kwezi kwa cumi itariki 7 muri Kameruni.

Umushikiranganji wa Kameruni ajejwe kumenyesha amakuru akaba n’umuvugizi wa reta, Rene Emmanuel Sadi avuga ko mu gisagara ca Douala, ku murwa mukuru Yaounde, hamwe no mu gisagara ca Mbounda ariho iyo myiyerekano yatunganijwe na Maurice Kamto n’umugambwe wiwe Parti du Mouvement de la Renaissance camerounaise.

Perezida Paul Biya niwe yatangajwe na sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro ko yatsinze ayo matora. Kamto yaciye atangaza ko azobirwanya gushika Biya avuye ku butegetsi.

Biya amaze imyaka 36 ku butegetsi kandi niwe mukuru w’igihugu agira kabiri mu barambiye ku butegetsi mu gice ca afrika kiri munsi ya sahara, inyuma y’umubanyi wiwe Theodoro Obiang Nguema wa Guinee Equatorial. Igihe azorangiza iki kiringo gishasha azoba akwije imyaka 93 y’amavuko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG