Uko wahagera

Abantu 20 Barishwe mu Gitero mw'Isengero Katolika muri Filipine


Mw'isengero katolika i Jolo, umurwa mukuru w'intara Sulu mu bumanuko bwa Filipine, inyuma y'aho bombe zibiri zihatewe. Italiki 27/01/2019
Mw'isengero katolika i Jolo, umurwa mukuru w'intara Sulu mu bumanuko bwa Filipine, inyuma y'aho bombe zibiri zihatewe. Italiki 27/01/2019

Bombe zibiri zatewe kuri uyu w’Imana muri Katedrale Katolika mu bumanuko bwa Filipine zihitana ubuzima bw’abantu 20, abandi 81 barakomereka.

Reta yatangaje ko igiye guhiga abakoze ico gitero gushika bose bashikanwe imbere y’ubutungane kandi bashizwe mw’ibohero.

Bombe ya mbere yaturitse mu gihe co gusenga muri Katedrale y’i Jolo, mu ntara ya Sulu. Iya kabiri yaturitse umwanya muto inyuma y’aho, igihe abasirikare ba reta bariko baratabara abahitanwe n’iya mbere. Abasirikare hamwe n’abasivile bari mu bapfuye.

Perezida wa Filipine Rodrigo Duterte yiyamirije ivyo bitero yise ivy’iterabwoba. Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres yasavye ko abakoze ivyo bitero baronderwa bagashikirizwa ubutungane.

Ku mugoroba wo kuw’Imana, itororokanirizo ry’amakuru ry’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu, Amaq, ryashikirije ko uwo muhari ari wo wakoze ico gitero. Agace ka Jolo kari mu ntara igwiriyemwo Abayisilamu, ariko karimwo abakatolika benshi muri Filipine.

Intara ya Sulu ni yo irimwo umuhari w’iterabwoba w’intagondwa z’Abayisilamu Abu Sayyaf, wagirijwe ibitero vy’ubwicanyi bitari bike.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG