Uko wahagera

RDC: Perezida Watowe Tshisekedi Azorahira ku Musi wa Kane


Felix Tshisekedi ni we azoba umukuru w’igihugu mushasha wa Republika iharanira demokrasi ya Kongo. Mu kiringo c’imyaka itari mike, se wiwe Etienne Tshisekedi ntiyashoboye gushikira ayo mabanga.

Muri iki gihe Felix Tshisekedi afise imyaka 55, ashitse ku butegetsi inyuma y’amatora yabayemwo impari. Ukurahira kwiwe ejo ku musi wa kane buzoba bubaye ubwa mbere ubutegetsi buhererekanywa biciye mu nzira ya demokrasi kuva Kongo ironka intahe y’ukwikukira mu mwaka w’i 1960.

Umukandida yarangije mu kibanza ca kabiri, Martin Fayulu, yaratsinzwe mu rubanza yari yashingishije muri sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro ya Kongo. Muri urwo rubaza Fayulu yari yiyamirije ivyavuye mu matora yabaye kw’italiki 30 z’ukwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka urangiye w’i 2018. Fayulu yatangaje ko ari we mukuru w’igihugu wenyene yemewe muri Kongo. Yamara abanyagihugu ntibitabiye muri rusangi akamo kiwe kuko haba imyiyerekano mu mahoro.

Fayulu n’abamushigikiye bavuga ko Felix Tshisekedi yagiranye amasezerano mu mpisho na Prezida Joseph Kabila igihe umugambwe uri ku butegetsi utavyifatamwo neza mu matora. Fayulu yabonywe n’abantu batari bake ko yari kugeramira Kabila n’abo bacuditse. Ivyo kubera Fayulu yari yiyemeje kurwanya bikomeye ruswa avuga ko yatse indaro mu gihugu.

Bamwe mu bategetsi b’igihugu vyo muri Afrika barakeje Tshisekedi. Basavye abanyekongo kuraba imbere ku neza y’umutekano w’igihugu cabo inyuma y’imyaka itari mike yaranzwe n’uruhagarara n’ubwicanyi vyahitanye abantu imiliyoni n’imiliyoni.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG