Uko wahagera

Uburusiya na Amerika Boba Bihorana ku Mfungwa?


Paul Whelan, yahoze ari umusirikare wa Amerika yafatiwe i Moscou mu mpera z'umwaka uheze muri sentare i Moscou, mu Burusiya, Itariki ya 22/01/2019.
Paul Whelan, yahoze ari umusirikare wa Amerika yafatiwe i Moscou mu mpera z'umwaka uheze muri sentare i Moscou, mu Burusiya, Itariki ya 22/01/2019.

Sentare mu Burusiya yaranse kurekura umugabo w’umunyamerika afunzwe yagirizwa gusuma urusaku, inyuma y’aho yemereye gutanga ingwati.

Paul Whelan, yahoze mu gisirikare ca Reta zunze ubumwe za Amerika, yitavye sentare y’i Moscow ejo kuwa kabiri asaba kurekurwa. Yafashwe mu kwezi kwa cumi na kabiri.

Umucamanza yaciye urubanza ko Whelan agumizwa mw’ibohero gushika n’iburiburi mu mpera z’ukwezi kwa kabiri. Mu gihe yokwagirwa n’icaha co gusuma urusaku, ashobora gucirirwa igifungo c’imyaka irenga 20.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu yavuze ko Amerika ibandanya isaba Uburusiya kwisunga amategeko mpuzamakungu no guca imanza zibereye ku banyamerika bose bapfungiwe mu Burusiya.

Hari amakuru ataremezwa avuga ko Uburusiya bwoba bupfunze Whelan kugira buremere Amerika nayo irekure umurusiyakazi Maria Butinayafatiwe muri Amerika, yemeye ko yakorera Uburusiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG