Perezida wa Sudani Omar al-Bashir aratangura urugendo muri Qatar muri iyi ndwi, ni urugendo rwiwe rwa mbere azoba agize mu mahanga kuva hatanguye imyiyerekano yiyamiriza reta.
Bashir bitegekanijwe ko kuri uyu wa kabiri ashika muri Qatar kandi abonane na Emir Sheikh Tamim bin Hamad Al Thani ejo kuwa gatatu mu mubonano wo gukomeza imigenderanire hagati y’ibihugu vyabo, nkuko vyashikirijwe n’itororokanirizo ry’amakuru rya reta ya Qatar QNA ejo kuwa mbere.
Bashir yaragerageje gutesha agaciro iyo myiyerekano, avuga ko ari abanyamahanga bayiri inyuma. Mwibuke ko yatanguye inyuma y’aho reta idugirije igiciro c’umutake, bamusaba gutanga imihoho.
Reta yemeza ko abantu 24 bamaze kuyisigamwo ubuzima, mu gihe ONU ivuga ko ico gitigiri gishobora kuba cogwizwa na kabiri.
Abantu barenga 800 barahagaritswe, barimwo abamenyeshamakuru, indongozi mu batavuga rumwe n’ubutegetsi, abari mu myiyerekano hamwe n’abadaharanira inyungu za politike.
Facebook Forum